Uko wahagera

ONU: Etiyopiya mu Kaga k'Inzara n'Intambara


Bamwe mu banyagihugu ba Etiyopiya
Bamwe mu banyagihugu ba Etiyopiya

Ihembe ry’Afurika ryugarijwe n’ubugararwa ONU ivuga ko bushobora kuzotera ikigoyi abantu baharurwa mu mariyoni 20. Muri Etiyopiya, abarenga imiriyoni indwi kugera ino saha ni bo ONU yemeza ko bugarijwe n’inzara.

Haraheze imyaka ine ikurikirana, imvura irwa nabi cane mw’ihembe rya Afurika. Ishami rya ONU ryitaho ibiribwa, PAM, ryabwiye Ijwi ry’Amerika ko ubugararwa buvugwa mu burengero bwa Etiyopiya buvanze n’intambara yo mu buraruko bw’ico gihugu bishobora gukwega akarambaraye.

Umuvugizi wa PAM, Clair Nevill, mu kiganiro n’Ijwi ry’Amerika yumvikanishije ko ingaruka zishobora gukingirwa ari nka hamwe hogira igikorwa vuba bwango. Yamara ku bwa Nevill, amahirwe yo gutorera inyishu iki kibazo ni make cane. Nevill yagize ati: “ Mu 2016 no mu 2017 ingaruka z’ubugararwa zabaye nke cane bivuye ku muti wavuguswe kare. Ubu mu 2022, bizogorana kubera uburyo atabwo.”

Umwe mu bategetsi bo mw’ishirahamwe rikorera mu gisata c’ubutabazi atashimye ko amazina yiwe atangazwa, nawe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Reta ya Etiyopiya yasamariye mu ntambara yibagira guhangana n’ubugararwa bwibonekeza cane mu maj’epfo y’ico gihugu, kandi ko ico yise gusamara kizosaba ikiguzi kinini mu kuzuza igihengeri, bikanazosaba imyaka myinshi kugira ingaruka ziriko ziterwa n’ubwo bugararwa zihere.

ONU ivuga ko muri rusangi abanyagihugu bakeneye gufashwa vyihuta muri Etiyopiya barenga imiriyoni 12 n’ibihumbi 500.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG