Muri Sri Lanka abategetsi biyemeje amatohoza ku ruhagarara rwaraye rubaye hagati y’abapolisi n’abantu bari mu myiyerekano yaguyemwo umuntu umwe.
Abantu bagize imyiyerekano ejo ku musi wa kabiri bazibiye inzira ya gari ya moshi yo mu kigwati ca Rambukkana kiri ku birometero 90 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru wa Colombo.
Igipolisi carashe mu biyerekana aho bariko bagerageza kuzibira ikiduga gitwara ibitoro bakibuza kujabuka iyo nzira ya gari ya moshi. Abanyagihugu bashika kuri 13 barakomerekeye muri urwo ruhagarara hongera harakomereka n’aba polisi bamwe bamwe.
Ico gihugu co mu bumanuko bwa Aziya kirabangamiwe n’amadeni menshi kumwe n’ibura ry’amafaranga y’agaciro, vyose vyatumye igihugu gikena imiti, ibiribwa, n’ibitoro vyatumye haba ikena ry’umuyagankuba amasaha atari make buri musi. Ivyo vyose vyatumye ibiciro vy’igitoro hamwe n’iyunguruza ry’abantu n’ibintu biduga.
Ikiza ca Covid 19 naco caratumye igisata c’ingezi gihagarara, bikaba vyatumye ubutunzi bw’igihugu bwunyuka kurusha. Imyiyerekano imaze igihe kitari gito yaradutse mu bice bitandukanye vy’igihugu. Abanyagihugu basaba umukuru w’igihugu Prezida, Gotabaya Rajapaksa, na murumuna wiwe umushikiranganji mukuru Mahinda Rajapaksa gutanga imihoho.
Facebook Forum