Uko wahagera

Abasirikare ba Nijeriya Bemeje ko Bishe Abajihadiste Barenga 100


Urunani rw’abasirikare b’igihugu vya Nijeriya, Nijeri na Kameruni rwavuze kuri uyu w’Imana ko rwishe abarwanyi barenga 100 b’abayislamisite, barimwo abakomanda 10, mu ndwi ziheze. Ni mu gihe urwo runani rwongereje ibitero ku butaka no mu kirere ku karere k’ikiyaga Cadi.

Abarwanyi ba Boko Haram hamwe n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu ntara y’uburengero bwa Afrika bamaze imyaka irenga cumi barwana n’igisirikare ca Nijeriya mu ntambara yatandukiriye n’ibihugu bibanyi.

Umuvugizi w’urwo runani rwa gisirikare, Colonel Muhammad Dole yavuze ko abasirikare bateye abajihadiste kandi babasahura ibirwaniro, ibifungurwa hamwe n’ibiyayuramutwe.

Dole ntiyavuze igihe ivyo bitero vyabereyemwo hamwe n’abasirikare babo batakaje ariko yavuze ko abasirikare 18 bakomerekejwe n’igisasu cahambwe mu kuzimu abakora iterabwoba.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG