Amashirahamwe abiri aharanira agateka ka muntu kuri uyu wa gatatu yagirije inteko za gisirikare zo mu ntara ya Amhara muri Etiyopiya kuba zarahonyeje ubwoko bw’aba Tigre mu ntambara yahitanye ibihumbi vy’abasivile hamwe n’abarenga umuriyoni bahunze.
Amnesty International na Human Rights Watch yavuze muri raporo yakoreye hamwe ko ivyaha vyakozwe n’abategetsi, inteko zidasanzwe hamwe n’imirwi y’abanyagihugu bitwaje ibirwanisho mu burengero bw’intara ya Tigre ari ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyakorewe ikiremwa muntu. Bagiriza kandi igisirikare ca Etiyopiya kuba carabigizemwo uruhara.
Umuyobozi nshingwabikorwa wa Human Rights Watch, Kenneth Roth yavuze ko kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020, abategetsi b’intara ya Amhara hamwe n’abajejwe umutekano bagaragaye mw’isekeza ryo guhanagura ubwoko bw’aba-Tigre mu burengero bw’intara ya Tigre babasanze mu mazu yabo.
Umuvugizi wa reta y’intara ya Amhara, Gizachew Muluneh yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika Reuters ko ivyo vyagiriji ari amakuru y’ibinyoma kandi yahimbwe.
Abavugizi ba reta hamwe n’uw’igisirikare ca Etiyopiya, uwahoze ari komanda w’inteko zidasanzwe zo mu ntara ya Amhara hamwe n’umukuru wa Tigre ntibabonetse kugira bavuge kuri ibi vyagiriji.
@VOA
Facebook Forum