Uko wahagera

Umusirikare wo mu Nteko za Monusco Yiciwe muri Ituri


Abasirikare ba Maroke bo mu nteko za Monusco mu bikorwa vyo gukizura muri park ya Virunga, muri Kivu y'uburaruko, kw'itariki ya 22/02/2022
Abasirikare ba Maroke bo mu nteko za Monusco mu bikorwa vyo gukizura muri park ya Virunga, muri Kivu y'uburaruko, kw'itariki ya 22/02/2022

Umusirikare umwe wo mu nteko za ONU ziri kubungabunga amahoro n’umutekano muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo yishwe kuri uyu wa kabiri. Yari mu bikorwa vya gisirikare mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Ituri. Igihugu uwo musirikare yamukamwo nticavuzwe.

Haheze indwi abandi basirikare umunani bo mu nteko za MONUSCO bapfuye inyuma y’aho indege yo mu bwoko bwa kajugujugu barimwo ikorokeye mu muhana wo mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Icegera c’umuvugizi wa Monusco, Ndeye Khady Lo, yemeje urupfu rw’uyo musirikare mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri muri Ituri, mu bikorwa vya gisirikare. Yavuze ko yapfuye mu kurasana n’imihari yitwaje ibirwanisho mu mihana y’i Bali, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Bunia.

Intara za Ituri na Kivu y’uburaruko zarasinzikajwe n’ibitero vy’imihari yitwaje ibirwanisho.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG