Igihugu ca Republika ya Demokarasi ya Kongo cakiriwe icese mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko mu nama idasanzwe ya EAC igira 19 yakoranye kuri uyu wa kabiri.
Umukuru w’igihugu ca Republika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) yitavye iyo nama ubwa mbere, yifuza ko umuryango igihugu ciwe cinjiyemwo wogifasha kurwanya imigwi yitwaje ibirwanisho mu buseruko bwa Kongo.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru yakurikiye iyi nkuru ayidushikiriza mu ijwi ryiwe.
Facebook Forum