Uko wahagera

USA Iremeza ko Ibiganiro vya Nikereyeli na Irani Vyegereje ku Masezerano


Umuvugizi w'umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu ya Amerika, Ned Price
Umuvugizi w'umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu ya Amerika, Ned Price

Reta zunze ubumwe za Amerika na Irani baregereje ku gushika ku mwumvikano ugamije ku kugaruka mu masezerano ya Nikereyeli yo mu 2015 yabuza Irani guhingura ibirwanisho vya Nikereyeli. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu wa Amerika, Ned Price yavuze kuri uyu wa gatatu ko begereje ku gisa n’amasezerano, naho hagisigaye utubazo tugikeneye inyishu.

Price yanse kwemeza ko ibishikirizwa na Irani ko hari ibibazo bibiri bikwiye kumvikanywako imbere yo kugaruka muri ayo masezerano yasinywe n’ibihugu bitandatu. Ibigiteye intambamyi, nkuko amakuru ava mu begereye muri ivyo biganiro avuga, ni uko Irani isaba ivyemeza ko Amerika itazosubira kuyadohokamwo mu gihe reta yohinduka nkuko Perezida Donald Trump yabikoze mu 2018. Ayo makuru avuga kandi ko Irani isaba Amerika guhanagura izina ry’iterabwoba yise umuhari wa gisirikare wa Irani ukomeye, udasanzwe, witwa Revolutionary Guards, ushinzwe guhagararira revolisiyo ya Irani.

Price yavuze ko ivyo bibazo bishobora gutorerwa umuti ariko kandi ko ibi biganiro bimaze amezi 11 bigeze mu kiringo kitoroshe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG