Uko wahagera

Centrafurika: Abasirikare Bane ba ONU Bari Bafashwe Barekuwe


Ibiduga vya gisirikare vya ONU hanze y'ikirimba ca Perezida i Bangui, ku murwa mukuru wa Centrafrika
Ibiduga vya gisirikare vya ONU hanze y'ikirimba ca Perezida i Bangui, ku murwa mukuru wa Centrafrika

Repubulika ya Centrafurika kuri uyu wa kane yarekuye abasirikare bane bo mu nteko za ONU ziri kubungabunga amahoro muri ico gihugu. Aba basirikare ba MINUSCA bahagarikiwe ku kibuga c’indege c’i Bangui ku musi wa mbere bakekwa kuba bari mu mugambi wo kwica Perezida Faustin Archange Touadera.

Umushikirizamanza w’i Bangui yavuze ko aba basirikare bane ata caha kizobagira. Didier Tambo yavuze ko amasezerano ari hagati y’inteko za ONU na reta atabemerera kubarengutsa imbere y’umucamanza.

Abo basirikare bane bagizwe, n’Umufaransa, umunya-Rumaniya, Bulgariya n’Ubutaliyano.

Ambasade y’Ubufaransa hamwe na ONU bavuze ko abo basirikare bari baherekeje kandi bacungereye umutekano w’umukuru wa MINUSCA, Jeneral Stephane Marchenoir, yagira afate indege imujana ku mugabane wa Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG