Uko wahagera

ONU Irahakana ko Abasirikare Bayo Bashaka Kwica Perezida wa Centrafurika

Residents watch as a U.N. Multidimensional Integrated Stabilization Mission in the Central African Republic (MINUSCA) armored personnel carrier patrols after attacks in Begoua, a northern district of Bangui, C.A.R., Jan. 13, 2021.

Umurwi wa ONU uri kubungabunga amahoro muri Centrafurika, MINUSCA, wahakanye ivyo wagirijwe ko bane mu bakozi bawo bahagaritswe ku musi wa mbere bari mu bikorwa biteye amakenga. Umushikirizamanza mukuru wa Centrafrika yavuze ko abo bagabo bane bafatiwe ku kibuga c’indege, gato imbere y’uko perezida ashika. Yavuze ko bari bafise ibirwanisho biremereye.

Umurwi MINUSCA usaba ko abo basirikare bane, bose b’Abafaransa, barekurwa.

Abategetsi ba Centrafurika nta caha barabegekako, ariko ubutungane bwavuze ko amatohoza yatanguye kuri abo basirikare.

Inyuma y’ihagarikwa ry’abo basirikare b’Ubufaransa, haciye hakwirakwiza ubutumwa ku mbuga huriro bwagiriza abo basirikare kuba bariko bategura kugandagura perezida wa Centrafrika, Faustin-Archange Touadéra, uwo indege yiwe yagira ishike mu kibuga c’indege.

Umuvugizi wa MINUSCA, Vladimir Monteiro, yahakanye ivyo vyagiriji mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG