Prezida w’Uburundi , Evariste Ndayishimiye azokwitabira inama y’abakuru b’ibihugu n’ama reta agize umuryango w’Ubumwe bwa Afurika n’Ubumwe bwa Buraya izotangura ku wa kane w’indwi iza igenekerezo rya 17 ihere ku wa gatanu igenekerezo rya 18 i Buruseri ku murwa mukuru w’Ububirigi.
Kuva yakaja ku butegetsi, ni ubwa mbere Prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye azoba yitabiriye inama zikomeye zibereye ku mugabane wa Buraya. Ni nabwo bwa mbere Uburundi buzoba buserukiwe n’umukuru w’igihugu mu nama zo ku mugabane wa Buraya kuva mu kwezi kwa gatandatu ko mu 2014: Ubwa nyuma umu prezida w’Uburundi yahonyoza ikirenge ku mugabane wa Buraya hari mu kwa gatandatu ko mu 2014, aho Umuhisi Petero Nkurunziza yaja i Paris mu Bufaransa.
Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha isoko ryizewe mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, yemeza ko Prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye muri iyo nama azoherekezwa n’abantu bababa 25 barimwo abategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, hamwe n’abo mu biro iwe.
Icuka ciza hagati y’Ubumwe bwa Buraya n’Uburundi gisa nk’ikiriko kiranaguka. Ubumwe bwa Buraya buheruka gukuraho ibihano bwafatiye Uburundi, bwemeza ko hari intambwe yatewe mu bisata bitanduykanye. Ariko abari mu mashirahamwe amwe amwe aharanira agateka ka zina muntu bo yamara si uko babibona: Mu rwandiko rwashizweko umukono mu ndwi iheze n’amashirahamwe yigenga 17 arimwo n’inani zikorera mu buhungiro, abatwara izo nani n’amashirahamwe yarwanditse bavuze ko bakiriye nabi cane ingingo y’Ubumwe bwa Buraya ivana Uburundi mu bihano, basigura ko agateka ka zina muntu mu Burundi kagihonyangwa, kugarukana amaboko ku Burundi ku bwabo bigashobora kuvyara ingaruka mbi.
Imigenderanire y’Uburundi n’iy’ibihugu vya Buraya ahanini Ububirigi yatosekaye cane kuva mu 2015: Uburundi bwagirije kenshi ububirigi kwivanga mu vyabwo no kuba bwarafashije mu guhakwa gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza no gushigikira “abahatswe” kubutembagaza.
Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya inyuma y'aho warafatiye ibihano Uburundi wagirije ku ncuro nyinshi guhonyanga agateka ka zina muntu, Uburundi nabwo butunganya imyiyerekano akatari gake bwiyamiriza ingingo z’Ubumwe bwa Buraya n’abategetsi babwo, vy’umwihariko bwiyama kenshi Ububirigi.
Hagati aho, isoko ry’Ijwi ry’Amerika mu biro kwa Prezida Ndayishimiye twaribabajije niba hari amakuru y’uko Prezida w’Uburundi i Buruseri yoba azohahurira na mugenzi wiwe w’u Rwanda Paul Kagame, naryo ryishura ko ata vyinshi abiziko. Ico bikoze, umukozi mukuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’U Rwanda n’ayandi makungu yemereye Ijwi ry’Amerika ko Prezida Paul Kagame nawe azokwitabira inama y’Ubumwe bwa Buraya n’Ubumwe bwa Afurika.
Abo bategetsi babiri bakaramuka bahuriye mu nama yo muri iyi ndwi i Buruseri, azoba ari ubwa mbere Prezida w’u Rwanda Paul Kagame ahuye n’umu Prezida w’Uburundi imbona nkubone kuva icuka hagati y’ivyo bihugu gitosekara inyuma ya kudeta yaburijwemo mu 2015.
Uburundi mu vyo buhora u Rwanda, harimwo ukugwegekako “Uruhara” mu guhakwa gutembagaza ubutegetsi bw’Umuhisi Nkurunziza mu 2015, n’uguha indaro abahatswe guhirika ubutegetsi barimwo n'“abarwanyi”. U Rwanda narwo kenshi muri kahise rwisavye Uburundi bubwagiriza agasomborotso no guha indaro abagamije kurugirira nabi. Inagurwa ry’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu nayo nyene igeze kure nkuko Prezida Paul Kagame ubwiwe yavyiyemereye mu ndwi iheze.
Nta vyemezo vy’uko abakuru b’u Rwanda n’Uburundi bazokwinyavya bakagirana ibiganiro ari babiri i Buruseri baramutse bahahuriye ku wa kane. Ariko ikizwi ni uko bakahahurira, ari bwo bwa mbere umu Prezida w’u Rwanda azoba abonanye n’uw’Uburundi amaso mu yandi inyuma y’imyaka indwi: Umu Prezida wa nyuma Prezida w'u Rwanda yabonye amaso mu yandi ni Umuhisi Petero Nkurunziza yahuriye na Paul Kagame i Butare, kw’itariki ya 13 z’ukwezi kwa kane ko mu 2015. Ico gihe bahura, bavuganye ku bibazo vy’umutekano w’akarere, hari hasigaye imisi mike ngo imyiyerekano yiyamiriza iyindi manda ya Petero Nkurunziza itangure.
Mu bo Prezida Ndayishimiye bitegekanijwe ko azohura nabo mu rugendo rwiwe rwa mbere ku mugabane wa Buraya, harimwo abategetsi b'ubumwe bwa Buraya n'Ububirigi Ijwi ry'Amerika ritarashobora kumenya amazina yabo, hamwe n'abarundi baba mu Bubirigi ata gihindutse bazohura ku wa gatandatu igenekerezo rya 19.
Facebook Forum