Abaperezida b’ibihugu bihurikiye muri CEDEAO bahisemwo kuba barabangiriye gufatira ibihano Burkina Faso inyuma y’aho abasirikare b’iki gihugu bakoreye kudeta. CEDEAO yasavye ako kagwi k’abasirikare gutanga ikirangamisi co kugaruka ku ntwaro ya gisivile. Aya makuru yavuye mu bitabiriye iyo nama yihuta.
Kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa mbere, Burkina Faso yabaye igihugu kigira gatatu co muri CEDEAO perezida yatowe yakuweho n’abasirikare mu myaka ibiri irangiye.
CEDEAO yakoze inama yihuta i Accra muri Ghana kugira bihweze nimba Burkina Faso yohamvya ibindi bihugu bibiri mu gufatirwa ibihano vy’ubutunzi, hamwe no guhagarikwa muri uwo muryango.
Intumwa z’abadipolomate zirongowe n’umushikiranganji wa Ghana w’imigenderanire n’amakungu, Shirley Ayorkor Botchwey, yabwiye abakuru b’ibihugu vya CEDEAO ko hari ibimenyetso vyiza muri Burkina Faso. Hari inyuma yo kubonana n’uwurongoye abasirikare bafashe ubutegetsi Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba hamwe n’abandi basirikare bafatanije kurongora igihugu.
CEDEAO yarafatiye ibihano Mali na Gineya ibahora gukwega ibirenge mu gutunganya amatora.
Facebook Forum