Perezida wa Gineya Bissau, Umaro Sissoco Embalo yavuze ko ibintu vyifashe neza mu gihugu ciwe. Ni inyuma y’ikinugwanugwa nka kudeta yoba yahatswe gukorwa kuri uyu wa kabiri.
Amasasu atari make yumvikanye hafi y’icicaro ca reta, muco itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ryavuze ko ubumwe bwa Afrika hamwe na CEDEAO vyise igeragezwa rya kudeta.
Abagabo bitwaje ibirwanisho biremereye bakikuje ingoro ya reta, aho Perezida Umaro Sissoco Embalo n’umushikiranganji wa mbere Nuno Gomes Nabiam bivugwa ko bari bari kwitabira inama y’abashikiranganji.
Abantu babonekana biruka bahunga ako gace, baja ku mpera z’umurwa mukuru Bissau, hafi y’ikibuga c’indege. Amasoko hamwe n’amabanki vyari vyugawe, nayo imodokari za gisirikare zaguma zikizura mu mabarabara.
Ariko mu nyuma perezida yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP kuri terefone ko ibintu bimeze neza umutekano bawufise mu minwe.
Amakuru atangwa n’abantu batandukanye avuga ko mu masaha ya sasita, abantu bitwaje inkoho bagaragaye ahakorera ubushikiranganji bwa reta butari buke. Bamwe mu bavyiboneye bavuze ko abo bari bitwaje inkoho basa n’abasirikare, mu gihe abandi bavuga ko bari abasivile.
Iri geragezwa rya kudeta muri Gineya Bissau, ribaye mu gihe mu mezi cumi 18 aheze, mu bindi bihugu bitatu vyo mu burengero bwa Afrika, Mali, Guineya Konakry na Burkina Faso, abasirikare bashoboye gutembagaza ubutegetsi.
Uyu mutekano muke watumye kuri uyu wa kane uza, ishirahamwe CEDEAO ritumako inama i Accra, muri Ghana kugira bace irya n’ino ico kibazo.
Facebook Forum