Inkino za CAN zihuza ibihugu vya Afrika kuri uyu wa gatanu zinjiye mu kiruhuko c’imisi ibiri, imbere y’uko igice ca c’umunani gishira ica nyuma kizohuza amakipe 16 asigaye gitangura ku musi w’Imana.
Ejo kuwa kane wari umusi wa nyuma w’inkino zo gukuranamwo kugira hasigare imirwi 16 izobandanya. Inkino z’ejo Gineya Equatorial yatsinze Sierra Leone 1-0, Cote d’Ivuware itsinda Aljeriya 3-1. Urundi rukino rw’ejo Gambiya yatsinze Tuniziya 1-0 nayo Mali itsinda Moritaniya 2-0.
Ikipe 16 zigiye mu karuhuko n’itike yo mu gice c’umunani gishira ica nyuma ni Burkina Faso, Gabon, Nijeriya, Tuniziya, Gineya, Gambiya, Kameruni, Amazinga ya Comore, Senegal, Cape vert, Cote d’Ivuware, Misiri, Maroke, Malawi, Mali na Gineya Equatirial.
Nayo iziri mu nzira zitaha kuko zasezerewe ni Etiyopiya, Zimbabwe, Ghana, Aljeriya, Sierra Leone, Sudani, Gineya, Bissau na Moritaniya.
Facebook Forum