Uko wahagera

ONU: Uburusiya n'Ubushinwa Vyazibiye Ibihano kuri Koreya ya Ruguru


Zhang Jun, aserukira Ubushinwa muri ONU, ariko aravuga mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano. Isanamu yafashwe kw'itariki 23/09/2021
Zhang Jun, aserukira Ubushinwa muri ONU, ariko aravuga mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano. Isanamu yafashwe kw'itariki 23/09/2021

Ubushinwa n’Uburusiya kuri uyu wa kane vyazibiye integuro y’itegeko ya Amerika isaba ONU gufatira ibihano abanyakoreya ya ruguru batanu Amerika yagiriza kuba baragize uruhara muri misile ziheruka guterwa n’ico gihugu. Ibi abadiplomate babibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Uburusiya bufatanije n’Ubushinwa bamenyerewe kuba intambamyi ku ngingo zifatirwa Koreya ya ruguru muri ONU, ndetse ivyo bihugu vyama vyasavye ko ibihano amakungu yafatiye ico gihugu bikurwaho kugira ukubaho kw’abanyagihugu kworohorezwe.

Mu ndwi iheze, Amerika yarafatiye ibihano abanyakoreya ya ruguru batanu ku ruhara bagirizwa kuba baragize muri porogaramu ya misile balistike ico gihugu cagerageje mu kirere.

Koreya ya ruguru, mu kwigamba, yavuze kuri uyu wa kane ko nyabuna igiye gusubira mw’igerageza rya porogaramu yayo ya Nikeleyeli hamwe no kurungika ibigendajuru vya Misile bigenda ikirere kirekire. Abategetsi b’ico gihugu bavuga ko igihugu kiriko citegurira guhangana na Reta zunze ubumwe za Amerika, nkuko ikimenyeshamakuru cegukira reta cabishikirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG