Uko wahagera

Sudani: Umushikiranganji wa Mbere Yatanze Imihoho


Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok mu nama y'abashikiranganji ku murwa mukuru Khartoum, kw'itariki ya 18/10/2021.
Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok mu nama y'abashikiranganji ku murwa mukuru Khartoum, kw'itariki ya 18/10/2021.

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok yavuze kuri uyu w’Imana ko atanze imihoho. Ni inyuma y’amezi abiri asubijwe muri ayo mabanga, mu mwumvikano wa poritike n’igisirikare.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, yavuze ko hakenewe ibiganiro bishika ku masezerano mashasha ku kiringo mfatakibanza kizoganisha igihugu kuri demokarasi.

Ni inyuma y'aho abajejwe umutekano biciye abandi bantu babiri mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bw’abasirikare muri Sudani kuri uyu w’Imana. Ibi vyavuzwe n’ishirahamwe ry’abaganga bo muri ico gihugu.

Ibi biciye bishikana ku gitigiri c’abantu 56 bamaze kwicirwa muri iyi myiyerekano kuva habaye kudeta y’abasirikare mu kwezi kwa cumi itariki ya 25, nkuko bivugwa n’abo baganga. Abajejwe umutekano ntaco baravuga kuri aba bantu babiri bishwe.

Uyu musi w’Imana w’imyiyerekano ugize uw’incuro ya 12 kuva kudeta iba. Abiyamiriza ubutegetsi bw’igisirikare barabandanije n’inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere Abdallah Hamdok agarukiye mu kutegetsi mu kwezi guheze. Abanyagihugu basaba igisirikare kutagira uruhara na rumwe muri reta mu kiringo c’imfatakibanza kigana ku matora. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG