Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin na mugenzi we w’Ubushinwa Xi Jinping kuri uyu wa gatatu babonanye hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo. Ibiganiro vyabo vyashimikiye ku gukomeza ubucuti muri iki gihe imigenderanire y’ibihugu vyabo n’uburengero bw’isi itifashe neza.
Perezida Putin yavuze ko yishimiye uburyo bushasha bw’imigenderanire yabo itivanga muri poritike y’ikindi gihugu, no kwubahiriza inyungu z’ikindi gihugu. Yabwiye Xi ko yipfuza ko urubibe basangiye ruba umugozi w’amahoro y’ibihe bidashira no kubana neza.
Perezida w’Uburusiya yavuze ko azokwitabira inkino za Olempike zo mu gihe c’imbeho zizoba mu kwezi kwa kabiri i Beijing. Ibihugu bitari bike vya Bulaya, birongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika, vyahisemwo kutazorungika abadipolomate bavyo n’abandi bategetsi muri izo nkino. Bagiriza Ubushinwa kutubahiriza agateka ka muntu.
Uburusiya n’Ubushinwa biri mu bihano bafatiwe n’ibihugu vyo mu burengero kandi imigenderanire ya kidipolomasiya hagati y’izo mpande zibiri ntiyifashe neza. Uburusiya buhanganye n’ubumwe bwa Bulaya hamwe na OTAN ku kibazo c’abasirikare babwo barundanye ku rubibe na Ukraine.
Ubushinwa na Reta zunze ubumwe za Amerika ntibirabana ryiza ku kibazo c’Ubushinwa bwagirizwa guhohotera ubwoko bw’aba Uyghurs hamwe n’iterabwoba ryabwo ryo gutera Tayiwani. (AP, Reuters, AFP)
Facebook Forum