Uko wahagera

Ibihugu vya G-7 Biragabisha Uburusiya mu Gihe Bwotera Ukraine


Abashikiranganji bo mu bihugu vya G7 b'imigenderanire n'iterambere mu nama yabahuje i Liverpool,mu Bwongereza, kw'itariki ya 12-12-2021
Abashikiranganji bo mu bihugu vya G7 b'imigenderanire n'iterambere mu nama yabahuje i Liverpool,mu Bwongereza, kw'itariki ya 12-12-2021

Umurwi w’ibihugu indwi bitunze kuruta ibindi bihurikiye muri G-7 kuri uyu w’Imana vyagabishije Uburusiya bibusaba guhagarika kurundanya abasirikare babwo ku rubibe na Ukraine atar’uko bukazofatirwa ibihano ruhasha vy’ubutunzi.

Abashikiranganji b’imigenderanire ba G-7, bakoraniye i Liverpool, mu Bwongereza, bavuze ko bunze urunani mu kwamirira kure ingendo y’Uburusiya yo kurundanya abasirikare ku rubibe na Ukraine. Biyamiriza kandi amajambo y’iterabwoba ashikirizwa n’Uburusiya.

Abo badiplomate baserukira Reta zunze ubumwe za Amerika, Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubwongereza, Ubutaliyano n’Ubuyapani. Bahanura Uburusiya gukurikiza amayira ya dipolomasiya mu gukemura ibibazo, hamwe no gukurikiza ivyo bwiyemeje vyo kudahisha ibikorwa vyabwo vya gisirikare.

Abategetsi b’iperereza rya Amerika bemeza ko Uburusiya bufise abasirikare barenga 70.000 ku rubibe Buhana na Ukraine. Ariko ntibiramenyekana ko Perezida Vladimir Putin yamaze gufata ingingo yo gutera Ukraine.

Perezida Biden aramaze kwiyemeza ko atazokoresha inguvu za gisirikare mu gihe Uburusiya bwotera Ukraine, ariko Biden avuga ko azokoresha inzira y’ibihano vy’ubutunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG