Botswana kimwe mu bihugu vyatoye ubwa mbere ubwoko bushasha bwa Covid-19 bwa Omicron kimenyesha ko ata bantu benshi bari mu bitaro bivuye kuri ubwo bwoko.
Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Edwin Dikoloti, uno musi ku wa gatatu yatangaje ko bamaze gucandaga abantu bagera ku bice 71 kw’ijana vy’abanyagihugu baco umuliyoni n’ibihumbi amajana atatu.
Ubwoko bushasha bwa Omicron, bwahindaguritse incuro zitari nke, bwarateye impungenge zikomeye abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu n’amareta. Bumaze gukwiragira mu bihugu bitari musi ya 57 vyo kw’isi.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Botswana, avuga ko abarwaye bikomeye inyuma yuko banduye ari abataricandagisha canke batararonka incanco zose zikenewe.
Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu ku isi, OMS, ryamenyesheje uno musi ku wa gatatu ko ubundi bushakashatsi bukenewe kugira bamenye ubukare buterwa n’ubwoko bwa Omicron hamwe n’uko bwoba bugabanya gukingira umubiri biterwa n’incanco zihari. ( Reuters)
Facebook Forum