Uwukekwa kuba ari we yishe umumenyeshamakuru yamuka muri Arabiya Sawudite, Jamal Khashoggi, yarafatiwe ku kibuga c’indege Charles de Gaulle, hanze ya Paris, umurwa mukuru w’Ubufaransa. Aya makuru yatanzwe n’ubutungane, igiporisi hamwe n’abakorera kuri ico kibuga c’indege.
Khashoggi, yaba muri Amerika, yishwe aciwe ibihimba vy’umubiri muri Konsila ya Arabiya Sawudite i Istanibul.
Uwafashwe azwi ku mazina ya Khaled Aedh Al-Otaibi, yahoze mu bacungera umutekano ku kirimba c’umwami wa Arabiya Sawudite, nkuko amakuru ava mu giporisi abivuga. Aya makuru avuga kandi ko yari ku rutonde rw’abaronderwa n’Ubufaransa kandi yaciye afungwa hisunzwe umutahe yasohorewe na Turukiya mu 2019.
Abategetsi b’Ubufaransa bavuze ko hakiri kare kwemeza nimba agiye guca arungikwa vuba muri Turukiya.
Al-Otaibi ni umwe mu benegihugu 26 ba Arabiya Sawudite begetsweko ivyaha vyo kwica na sentare yo muri Turukiya, mu rubanza rwatanguye mu kwezi kw’icumi 2020. Ashobora gufungwa ubuzima bwose mu gihe ico caha comwagira.
Associated Press na Reuters.
Facebook Forum