Uko wahagera

Rokete Zibiri Zatewe ku Kambi y'Abasirikare ba ONU muri Mali


Abasirikare b'Ubufaransa bo mu nteko za Barkane bariko barinyegeza igihe baterwa riketi kw'ikambi ya Gao muri Mali, kw'italiki 5-12-2021.
Abasirikare b'Ubufaransa bo mu nteko za Barkane bariko barinyegeza igihe baterwa riketi kw'ikambi ya Gao muri Mali, kw'italiki 5-12-2021.

Muri Mali, ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa roketi vyatewe ku kambi y’abasirikare ba ONU bo mu nteko za MINUSMA mu gisagara ca Gao, mu buraruko bw’igihugu kuri uyu w’Imana. Umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, yavuze ko ata wahasize ubuzima kandi ata vyononekaye.

Igisirikare c’Ubufaransa naco nyene cavuze ko ata vyonenekaye, ariko nta makuru catanze c’abakekwa kuba inyuma y’ivyo bisasu.

Umuvugizi wa MINUSMA, Myriam Dessables, yavuze ko izindi kambi zibiri ziri mu buraruko zatewe ibisasu vya Morotiye ku musi wa gatandatu, ariko ko ataco vyononye.

Ibi bitero muri iki gihugu co mu burengero bwa Afrika bibaye inyuma y’aho abantu 31 biciwe mu gitero cabaye ku musi wa gatanu hagati na hagati mu gihugu. Ni igitero gikekwa kuba cakozwe n’abajihadiste hafi y’igisagara ca Bandiagara.

Mali imaze imyaka ihangana n’intagondwa zigendera kw’idini rya kiyisilamu, zatanguye ibitero mu buraruko bw’igihugu mu 2012. Gushika ubu ivyo bitero bimaze guhitana ibihumbi vy’abasirikare n’abasivile. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG