Uko wahagera

Abatalibani Basaba Gukomorerwa Imitungo ya Afuganistani Yafashwe n'Amakungu


Abategetsi b'Abatalibani mu biganiro na Reta zunze ubumwe za Amerika i Doha, muri Qatar. Kw'italiki 12/08/2021
Abategetsi b'Abatalibani mu biganiro na Reta zunze ubumwe za Amerika i Doha, muri Qatar. Kw'italiki 12/08/2021

Abatalibani bari ku butegetsi muri Afuganistani hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika, kuri uyu wa kabiri barangije ibiganiro vy’imisi ibiri vyariko birabahuza muri Qatar. Ubutegetsi bwa Afuganistani bwavuze ko intumwa zabwo zasavye abategetsi ba Amerika kurekura amatungo ya Afuganistani afatiwe mu mabanki mpuzamakungu no mu bindi bihugu hamwe no kubakurako ibihano.

Ibi biganiro vyabaye mu gihe amashirahamwe y’abagiraneza hamwe n’abatanga imfashanyo basaba kwongereza imfashanyo zihabwa Afuganistani. Ni mu gihe kandi ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ica kabiri c’abanyagihugu muri Afuganistani bahanzwe n’ikibazo c’inzara muri ibi bihe vy’imbeho.

Reta zunze ubumwe za Amerika ntaco yashimye kuvuga ku vyavuye muri ivyo biganiro.

Abatalibani baragabishije ko ibibazo vy’ubutunzi igihugu kirimwo bishobora kuzoteza ikibazo gikomeye c’impunzi zizokwirakwira kw’isi mu gihe ibihano vy’ubutunzi bitokurwaho. Ivyo bibazo kandi bishobora no kwunyuka mu gihe kandi imitungo y’igihugu yafatiwe mu makungu itokomorerwa igihugu.

Gushika ubu amakungu ntaremera reta mfatakibanza y’Abatalibani. Avuga ko ubwo butegetsi butubahiriza agateka ka muntu kandi hakiri amakenga ku bikorwa vy’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG