Ihinguriro ry’imiti ryo muri Amerika, Pfizer, riza ryatanguye gukora ku guhingura urucanco bw’ubwoko bushasha bwa Corona, Omicron, mu gihe uruhasanzwe rwonanirwa gutururuza ubu bwoko bushasha. Umuyobozi mukuru w’iryo hinguriro, Albert Bourla yabivuze kuri uyu wa mbere.
Bourla yavuze ko ikompanyi yiwe yatanguye ku musi wa gatanu kugerageza urwo rucanco kuri ubu bwoko bushasha Omicron, bwatanguye kugaragara muri Afrika y’Epfo.
Irindi hinguriro ry’imiti, Johnson & Johnson ryavuze kuri uyu musi wa mbere ko ririko ririyumvira guhingura urucanco rwa Omicron kandi rigiye kubishiramwo inguvu.
Ku musi wa gatanu, Moderna nayo, irindi hinguriro ry’incanco za Covid-19, ryavuze ko ririko rirakora urucanco rw’inyongera rw’ubu bwoko bushasha bwa Omicron.
Kuri uyu wa mbere, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryagabishije ko ubwoko bushasha bwa Covid-19, Omicron buteye ubwoba cane ku rwego rw’amakungu.(AFP)
Facebook Forum