Perezida w’Ubufaransa yasavye ibihugu bibanyi vya Buraya gukora ibirenze kuvyahora bikorwa mu guhagarika abimukira binjira mu Bufaransa mu buryo buciye kubiri n’amategeko. Ni inyuma y’aho ku musi wa gatatu abantu 27 bapfiriye mu mazi bariko bagerageza kuva mu Bufaransa binjira mu Bwongereza.
Perezida Emmanuel Macron yavuze kuri uyu wa kane ko igihe abimukira bagerera ku nkombe z’amazi bafise ivyizigiro vyo kujabuka mu Bwongereza haba hamaze kurenga kubasubiza inyuma. Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe intwaro mu gihugu hagati yavuze ko abana hamwe n’abakenyezi bibungenze bari muri abo 27 bapfuye.
Perezida Macron yavuze ko Ubufaransa buriko burarungika indege za gisirikare zo mu bwoko bwa drone gufasha gukizura mu kirere co ku nkengera z’ibahari mu buraruko bw’igihugu. Izo ndege ngo zizofasha no mu twigoro two gutabara abimukira bari mu kaga mw’ibahari.
Ni mu gihe umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, kuri uyu wa kane na we yasavye Ubufaransa gusubirana abimukira bose bajabukiye mu gihugu ciwe, inyuma y’aho abo 27 bapfiriye.
Boris Johnson avuga ko yipfuza ko hashirwaho amasezerano yo gusubizanya abimukira binjira mu gihugu kimwe bavuye mu kindi mu buryo buciye kubiri n’amategeko. (AFP)
Facebook Forum