Uko wahagera

RDC: Abashinwa 2 Bishwe Abandi Baranyuruzwa muri Ituri


Abasirikare ba FARDCbariko barakizura mu gisagara Djugu, muri Ituri. Isanamu yafashwe kw'itariki ya 4/07/2019
Abasirikare ba FARDCbariko barakizura mu gisagara Djugu, muri Ituri. Isanamu yafashwe kw'itariki ya 4/07/2019

Abashinwa babiri barishwe abandi bataramenyekana igitigiri baranyuruzwa mu gitero cakozwe n’umugwi w’abitwaje ibirwanisho, CODECO, mu kibanza gicukurirwamwo ubutare mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo. Umuvugizi w’igisirikare yabivuze kuri uyu wa kane.

Umukuru w’intwaro muri ako gace vyabereyemwo hamwe n’umukuru wa sosiyete sivile bemeje urupfu rw’abo bashinwa babiri n’abandi bashinwa umunani bataramenyekana irengero, inyuma y’ico gitero co ku musi wa gatatu. Badomako urutoke CODECO, umwe mu mihari yitwaje ibirwanisho igisibije muri ako karere kuba ari wo uri inyuma yaco.

Ico gitero cabereye i Djugu, mu ntara ya Ituri, aho Abashinwa bakorera ibikorwa vyo gucukura ubutare bakoresheje abanyagihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ibitero vy’umuhari CODECO bimaze guhitana abasivile amajana muri teritware ya Djugu kuva mu 2017 kandi vyatesheje ingo abaharurwa mu bihumbi.

Iki gitero kigize kabiri gikorewe Abashinwa mu kiringo c’indwi imwe gusa mu buseruko bwa Congo. Abategetsi bavuze ku musi w’Imana ko abantu bitwaje inkoho bishe umuporisi bongera banyuruza Abashinwa batanu hafi y’ahacukurirwa ubutare mu ntara ya Kivu y’ubumanuko. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG