Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, ejo kuwa kabiri yaraneguye yivuye inyuma ibitero vy’iterabwoba vyabaye muri Uganda kuri uyu wa kabiri. Guterres yahojeje imiryango yabuze abayo, yongera yipfuriza abakomeretse gukira. ONU ivuga ko yizigiye ko abakoze ivyo bitero bazoshikanwa imbere y’ubutungane.
Igiporisi ca Uganda cavuze ko abantu batatu ari bo bapfuye, abandi 33 barakomereka muri ivyo bitero bibiri vy’iterabwoba vyakurikiranye ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala. Ico giporisi cavuze kandi ko umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wigamvye ko ari wo wagikoze.
Umuvugizi w’igiporisi, Fred Enanga, yavuze ko iyindi bombe igira gatatu yafatiwe mu nzu y’umwiyahuzi yaciye araswa arakomereka. Abandi bo muri uyo murwi baracaronderwa nkuko vyavuzwe n’igiporisi.
Ibi bitero bikurikiye ibindi bibiri vyagabwe mu kwezi guheze, aho imodokari yunguruza abantu yaturitsemwo igisasu hakomereka abatari bake. Iyindi bombe yaturikirijwe ku nzu y’uburiro hafi y’ibarabara ku murwa mukuru Kampala, hapfa umugore umwe.
Facebook Forum