Abategetsi ba Burkina Faso batangaza ko abantu batari musi ya 32, harimwo abapolisi 28 n'abasivile 4 bishwe mu gitero cakozwe ku kirindiro c'ikijandarume mu buraruko bw'igihugu.
Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa mbere yongereje igitigiri c’abapfuye cari catangajwe imbere yaho c’abantu 20.
Reta yatangaje ko igitigiri c’abantu 32 bapfuye cari ic’agateganyo gushika ku mutaga w’ejo ku musi wa mbere.
Igitero cabaye ku musi w’Imana mu gitondo hafi y’ikibanza gicukurirwamwo ubutare bw’inzahabu ahitwa Inata. Ni co cihaye inkumbi kurusha ibindi gikozwe ku nteko za Burkina Faso kuva umugumuko w’intagondwa z’abayislamu utanguye mu mwaka w’i 2017. Cabaye imisi 2 inyuma y’ikindi gitero cabareye muri ico gice nyene cahitanye abapolisi 7. Reta ivuga ko cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.
Prezida wa Burkina Faso, Rock Kabore yategetse imisi itatu y’icunamo mu gihugu ku bahitanywe n’ico gitero.
Ikindi gitero carakozwe ku musi w’Imana ku kirindiro c’igipolisi mu gice c’ahitwa Kelbo mu buraruko bw’igihugu.
Inteko za reta n’abasivile kenshi barakorwako ibitero vy’abarwanyi bakorana n’umurwi al-Qaida na reta ya kiyislamu. Yamara barashoboye gutuzwa n’abasirikare hamwe n’abasivile bajejwe kubafasha nkuko bitengazwa na reta.
Facebook Forum