Ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, kuri uyu w’Imana ryatangaje ko ryafatiye ibihano abasirikare bari mu kagwi katembagaje ubutegetsi muri Mali kuva mu kwezi kwa munani 2020. Ivyo bihano birimwo kubabuza kugira ingendo mu bihugu vyo muri uyo muryango hamwe no gufata imitungo babifitiyemwo.
Perezida wa kimisiyo ya CEDEAO, Jean-Claude Kassi Brou, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko inama yahuje ibihugu 15 biri muri uyo muryango yafashe iyi ngingo kuri abo basirikare. Ibagiriza ko bafise uruhara mu gutevya gutunganya amatora yabwirizwa kuzoba kw’itariki ya 27 y’ukwezi kwa kabiri.
Brou yavuze kandi ko Mali yandikiye urwete perezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo, arongoye CEDEAO muri iki kiringo, bamubwira ko Mali ititeguye gutunganya amatora nkuko vyari bitegekanijwe.
Ku vyerekeye Gineya, aho abasirikare batembagaje ubutegetsi kw’itariki ya 5 y’ukwezi kw’icenda, CEDEAO yafashe ingingo yo kugumiza ico gihugu hanze y’uwo muryango no kugumizaho ibihano vyafatiwe abagize uruhara muri iyo kudeta hamwe n’imiryango yabo. (AFP)
Facebook Forum