Uko wahagera

Abaganda Ntibariko Barahurumbira Urucanco rwa Covid-19


Umuforomakazi ariko aratera umukenyezi urucanco rwa COVID-19 rwa AstraZeneca kw'ivuriro ry'i Butanda mu burengero bwa Uganda, kw'itariki ya 27/04/2021.
Umuforomakazi ariko aratera umukenyezi urucanco rwa COVID-19 rwa AstraZeneca kw'ivuriro ry'i Butanda mu burengero bwa Uganda, kw'itariki ya 27/04/2021.

Ubuganda bwongereje utwigoro mu gushikira abanyagihugu kugira bahabwe urucanco rubakingira Covid-19. Ni inyuma y’ishika ry’izindi ncanco zingana umuriyoni umwe n’ibihumbi 600 zatanzwe na Reta zunze ubumwe za Amerika. Ariko mu gihe abaganda batari bake bagikekeranya kwicandagisha, umushikiranganji w’amagara y’abantu yaciye ahitamwo kubasanga mu bubare hamwe no mu mazu yo kwinezerezamwo mu gushiraho ibibanza vyo gucandagiramwo.

Uwo mushikiranganji yavuze ko abantu benshi bariko baranka kuja ku mavuriro no mu bitaro kwiteza urwo rucanco.

Uganda gushika ubu imaze kuronka doze z’urucanco rwa Covid-19 zirenga imiriyoni zitanu zavuye muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Amazu y’ubunywero asanzwe yarugawe muri Uganda kandi mw’ijambo yashikirije ku musi wa gatatu, Perezida Yoweri Museveni yavuze ko ubwo bubare buzobandanya bwugawe gushika igitigiri bihaye nk’ihangiro ry’abo bipfuza gucandaga gikwiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG