Uko wahagera

Ikibazo c'Abategetsi Bashigikiye Gukorora Inda Nticumvwa Kumwe mu Ndongozi za Katolika


Papa Fransisiko aramutsa Joe Biden mu nama yabereye i Vatican, kw'itariki ya 29-04/2021
Papa Fransisiko aramutsa Joe Biden mu nama yabereye i Vatican, kw'itariki ya 29-04/2021

Umwungere wa Ekleziya Katolika, Papa Fransisiko, yavuze kuri uyu wa gatatu ko abepiskopi Katolika bakwiye kwigisha abanyeporitike bashigikiye uburenganzira bwo gukorora imbanyi, nka Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden. Asaba ko bokwigishwa hisunzwe umutima w’urukundo n’ubugwaneza, atari ukubacira imanza.

Papa Fransisiko, aho yari atahutse i Roma avuye muri Slovakiya, yagabishije indongozi Katolika kudashira abanyeporitike mu kwibaza nimba abakatolika nka Perezida Biden bobuzwa kwegera ameza meranda igihe bari gusenga.

Ariko Papa yanse kwishura “ego” canke “oya” nimba Perezida Biden yobuzwa kuja ku meza y’umukama, nkuko abepiskopi Katolika babisavye.

Uwo mwungere wa Ekleziya Katolita yakunze kuvuga ko mu myemerera ya Ekleziya ugukorora imbanyi ari ubwicanyi. Ariko yahanuye abasaseredoti hamwe n’abepiskopi kuvyitwaramwo nk’abungere atari nk’abanyeporitike, igihe baba bahanganye n’ico kibazo. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG