Uko wahagera

ONU Yemeza ko Afuganistani Ikeneye Imfashanyo Zihuta


Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres hamwe n'icegera ciwe kijejwe imfashanyo (OCHA), Martin Griffiths bavugana imbere y'inama kuri Afuganistani, i Geneve, Ubusuwisi, kw'itariki ya 13/09/2021
Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres hamwe n'icegera ciwe kijejwe imfashanyo (OCHA), Martin Griffiths bavugana imbere y'inama kuri Afuganistani, i Geneve, Ubusuwisi, kw'itariki ya 13/09/2021

Amakungu yemeye kuri uyu wa mbere kuzotanga amahera arenga umuriyaridi 1 n’imiriyoni 200 z’amadolari yo gufasha abanyefuganistani hamwe n’iterambere rya Afuganistani. Ni mu gihe ico gihugu kiri mu bukene budasanzwe.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze ko uyu ari umwanya wo guhimiriza amakungu agafasha abanyefuganistani bari mu bihe bakeneye imfashanyo.

ONU yari yasavye imiriyoni 606 z’amadolari zo gufasha imiliyoni 11 z’abanyagihugu bakeneye ibifungurwa, ubuvuzi, uburaro hamwe n’ibindi vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose muri Afuganistani. Asabira kandi iyubahirizwa ry’agateka k’abakenyezi no gukingira umutekano w’abanyafihugu.

Afuganistani yari isanzwe mu bihe vy’ubukene bw’abanyagihugu imbere yuko abatalibani binjira ku murwa mukuru Kabul bagafata ubutegetsi kw’itariki ya 15 z’ukwezi kwa munani. Imyaka ico gihugu camaze mu ntambara, ubugaragwa hamwe n’ikiza ca COVID-19 vyatumye kija mu bukene butagira izina.

ONU imenyesha ko abantu amasinzi bashobora kutazoba bakironka ivyo bafungura mu mpera z’uku kwezi, mu gihe ibiciro vy’ibifungurwa vyaduze kandi ata n’imishahara ku bakozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG