Uko wahagera

Covid-19: Misiri mu Masezerano yo Kuzokora Incanco za Sinovac


Agapake karimwo incanco za SINOVAC z'Ubushinwa
Agapake karimwo incanco za SINOVAC z'Ubushinwa

Misiri yavuze kuri uyu wa gatatu ko itegekanya kuzohingura incanco umuriyaridi za Covid-19 z’ihinguriro Sinovac z’Ubushinwa. Misiri ivuga ko izoba ibaye igihugu ca mbere mu karere k’ubuseruko bwo hagati na Afrika izoba ihingura incanco nyinshi.

Ihinguriro ry’imiti ry’i Cairo ku murwa mukuru wa Misiri ryagiraniye amasezerano n’ihinguriro ry’imiti ry’Ubushinwa, amasezerano yo guhingurira izo ncanco muri Misiri. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Misiri, Hala Zayed, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Avuga ko izo ncanco zizofasha umugabane wa Afrika ufise ubukene bw’incanco, ugereranije n’ibindi bice vy’isi.

Misiri ifise abanyagihugu barenga imiriyoni 100, imaze kuronka abarenga 288 000 banduye Covid-19, barimwo 16 700 uwo mugera wahitanye. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG