Uko wahagera

Irani Yiyemeje Gufasha Kugarukana Amahoro muri Afuganistani


Ebrahim Raisi, prezida wa Irani
Ebrahim Raisi, prezida wa Irani

Prezida wa Irani, Ebrahim Raisi kuri uyu wa gatatu yabwiye bagenzi we b’Uburusiya n’Ubushinwa ko igihugu ciwe citeguye gukorana n’ivyo bihugu bibiri mu kugarukana amahoro n’ituze muri Afuganistani.

Mu kiganiro bagiranye kuri telephone, Prezida Raisi yabwiye Prezida Xi Jinping w’Ubushinwa na Vladimir Putin w’Uburusiya ko Irani yiteguye gufasha Afuganistani mw’iterambere ry’abanyagihugu no kuba mu mahoro arama.

Ni mu gihe Irani ata migenderanire myiza yigeze igirana n’ubutegetsi bw’Abatalibani mu myaka itanu bwamaze butarakurwa na Reta zunze ubumwe za Amerika. Ariko mu mezi aheze Irani yavuze ko ikwiye kuzoba mu nyishu ya kazoza ka Afuganistani.

Ku musi w’Imana, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’amakungu yavuze ko igihugu ciwe cagabanije abakozi ba ambasade muri Afuganistani, ariko ko yagumije ambasade yuguruye i Kabul.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG