Ibikorwa vyo kurondera aboba bagihema, inyuma ya cnyamugigima yabaye muri Haiti vyabandanije kuri uyu wa mbere, aho ibitaro vyarengewe n’indembe zakomeretse.
Abantu amajana nibo bari batonze imirongo barindiriye kwakirwa mu bitaro vyo mu gisagara ca Les Cayes, kandi benshi muri bo bavurirwa ku mamatera hasi hanze y’ibitaro.
Abategetsi muri Haiti bavuze kuri uyu wa mbere ko abamaze kwicwa n’iyo nyamugigima yabaye ku wa gatandatu biyongereye gushika ku 1 419, ugereranije n’igitigiri catanzwe ku w’Imana.
Iyi nyamugigima yarasambuye amazu, ibomora amabarabara n’ibitarurwa mu bumanuko bushira ubuseruko bw’iryo zinga, kandi ituma abantu baharurwa mu bihumbi bata ingo zabo. (VOA)
Facebook Forum