Prezida wa Republika ya demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi kuri uyu w’Imana yahaye uburenganzira inteko zidasanzwe za Reta zunze ubumwe za Amerika mu kurwanya iterabwoba gufasha abasirikare ba Kongo kurwanya umuhari witwaje ibirwanisho ADF, ushamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.
Umuhari ADF, uwo Amerika yise uw’iterabwoba, uzwi nk’umuhari wasasitse inganda mu buseruko bwa Kongo.
Ekleziya Katolika muri Kongo ivuga ko ADF umaze kwica abasivile baharurwa mu 6 000 kuva muri 2013, barimwo abarenga 1200 biciye mu ntara ya Beni honyene kuva mu 2017.
Itangazo ryashikirijwe na perezidanse ya RDC ryavuze ko Perezida Felix Tshikedi yemeye ko abahinga b’abanyamerika mu kurwanya iterabwoba baja mu buseruko bw’igihugu.
Izo nteko za Amerika zizoha inguvu igisirikare ca Kongo gisanzwe kiriko kirarwanya ADF mu mashamba cimeza ya Virunga na Garamba, nkuko iryo tangazo ribandanya rivuga.
Igikorwa cabo kizomara indwi zitari nke nkuko ambasaderi wa Amerika i Kinshasa, Mike Hammer, yabivuze.
Facebook Forum