Kugira Abanyamerika bicandagishije bemererwe kwinjira muri Canada nkuko biteganijwe kuva taliki 7 z'ukwezi kuza, gihugu bategerezwa kuba bacandazwe imisi 14 imbere yaho.
Abana bari musi y’imyaka 12 canke bataremererwa gucandagwa muri Amerika bazorekurirwa kwinjira ku butaka bwa Canada bari kumwe n’umuvyeyi canke uwundi wese ajejwe kubitaho yacandazwe yemerewe kwinjira muri ico gihugu.
Ingenzi z’abanyamerika canke abandi banyamahanga bose batacandazwe ntibazorekurirwa kwinjira muri ico gihugu.
Kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icenda kw’uyu mwaka w’i 2021, Canada ifise imigambi y’ukurekurira ingenzi zose zo mu gihugu icarico cose zizoba zacandazwe kwinjira ku butaka bwayo. Ivyo mu gihe ibiharuro vy’abandura umugera wa Covid-19 bizobandanya kuguma biri hasi mu gihugu.
Abashaka kwinjira muri Canada bategerezwa kuronka incanco zemewe na reta y’ico gihugu zirimwo, Pfizer-BionTech, Moderna, Johnson & Johnson na AstraZeneca. Bategerezwa kwerekana ivyemeza ko baronse izo ncanco biri mu congereza no mu gifransa.
Kw’italiki 9 y’ukwezi kw’umunani, reta izoshira mu ngiro ibindi bintu bijanye na Covid-19 ku vyerekeye ingenzi bizoba vyahindutse. (USA TODAY& Associated Press )
Facebook Forum