Uko wahagera

Etiyopiya: Incuro ya 2 y'Ukwuzuza Amazi mu Rugomero, GERD, ku Ruzi Nil Yaherahejwe


Urugomero GERD ku Ruzi Nil
Urugomero GERD ku Ruzi Nil

Nkuko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, umushikiranganji ajejwe amazi muri Etiyopiya, Seleshi Bekele yatangaje ku musi wa mbere mu butumwa ku rubuga Twitter ko urwo ruogomero rushobora gutangura gutanga umuyangankuba mu mezi makeyi ari imbere.

Abategetsi ba Etiyopiya bavuga ko urugomero, Grand Ethiopian Renaissance Dam, GERD, mu mpfunyapfunyo, rwatwaye amafranga angana n’imiliyaridi 4 z’amadolari, rufise uruhara rukomeye ku bijanye n’iterambere ry’ubutunzi hamwe n’ugutanga umuyagankuba.

Yamara urwo rugomero rwarateye impungenge zikomeye Misiri na Sudani zijanye n’ingaruka rushobora kugira ku mazi bikoresha hamwe n’umutekano wavyo.

Ubushikiranganji bujejwe ibikorwa vy’ukuvomera muri Sudani bwatangaje ko bwiyamirije ingingo Reta ya Etiyopiya yafasha atawe ibanje kugisha inama zirengagije inyungu n’impungenge ibihugu bisangiye uruzi Nil bifise.

Abategetsi ba Sudani basavaye Reta y’ico gihugu kubandanya ibiganiro hamwe n’ugushika ku masezerano ategerezwa kwubahirizwa ata kibazo na kimwe asize inyuma akingira inyungu z’impande zose.

Misiri yatangaje mu kwezi guheze ko reta ya Etiyopiya yayimenyesheje ko yatanguye incuro ya kabiri c’igikorwa c’ukwuzuza amazi mu rugomero rukomeye rwayo ku ruzi Nil. Yamara imenyesha ko yiyamirije iyo ngingo.

Ibona ko ivyo bigeramira bikomeye amazi ikoresha. Ico gihugu kizera cane ku mazi y’uruzi Nil. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG