Yemeye imfashanyo yihutirwa y’amafranga hamwe n’ugushimikira kurushiriza ku vyerekeye guhangana n’ingaruka z’ihindagurika
ry’ibihe. Ni mu gihe igitigiri c’abahitanywe n’imyuzure mu karere k’Ubulaya bwo mu burengero kimaze kurenga 180.
Markel yagendeye imihana y’ahitwa Schuld yegereye uruzi Ahr mu burengero bw’igihugu aho inyubakwa zitari nke zononekaye canke zirasamburwa n’imyuzure ikomeye mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu.
Naho umukuru w’igisagara ca Schuld yavuze ko ata muntu numwe yapfuye canke ngo akomereke, ibintu siko vyangenze mu bindi bice bitari bike.
Igitigiri c’abapfuye mu karere ka Ahrweiler, aho igisagara ca Schuld kiri, ni 112. Abategetsi bavuga ko irengero ry’bantu batari bake ritazwi. Bafise impungenge ko ico gitigiri gishobora kwiyongera.
Mu ntara ya North Rhine-Westphalia, abantu 46 barapfuye, harimwo abantu 4 bajejwe kurwanya imiriro.
Angela Merkel yatangaje ko yaguye mu gahundwe inyuma yuko yiboneye ivyonoywe n’imyizure.
Yatangaje ko abategtetsi bazokora kugira ibintu bisubire mu buryo intambwe ku yindi. Yavuze ko reta izokwemeza Imfashanyo y’amafranga yihutirwa ku musi wa gatatu.
Umushikiranganji ajejwe ikigega, Olaf Scholz yatangaje ko amafranga arenga imiliyoni 300 y’ama euro azokenerwa buno nyene. (AP)
Facebook Forum