Uko wahagera

Abadogiteri 37 Baramaze Kwicwa na Covid-19 muri Uganda


Umuforomakazi ariko aratera umuntu urucanco rwa AstraZeneca rwa COVID-19, ku bitaro vy'i Butanda, mu buraruko bwa Uganda
Umuforomakazi ariko aratera umuntu urucanco rwa AstraZeneca rwa COVID-19, ku bitaro vy'i Butanda, mu buraruko bwa Uganda

Muri Uganda, abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi bahitwanwa n’umugera wa Corona bariyongereye mu kwezi guheze. Abadogiteri 16 barishwe n’ico kiza, mu gihe abandi bakiri mu bitaro kandi baremvye.

Ishirahamwe ry’abaganga muri Uganda, ryemeza ko abakora mu gisata c’amagara y’abantu barenga 100 bapfuye inyuma yo kwandura uwo mugera kuva mu kwezi kwa gatatu k’umwaka uheze.

Dr. Mukuzi Muhereza, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, avuga ko ico gitigiri ciyongereye cane mu kwezi guheze.

Gushika kw’itariki ya 5 y’ukwezi kw’indwi, Uganda imaze kuronka abantu 425 bashasha banduye, ibiciye bishika ku gitigiri c’abanduye 84 979 hamwe n’abarenga 2 000 uwo mugera umaze guhitana.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Uganda, bwo buvuga ko muri rusangi, abadogiteri 37 bamaze gupfa bishwe na COVID-19 kuva igitangura. Buvuga ko bamwe bari basanzwe bagwaye za diyabete n’umurindi w’amaraso, abandi bishwe nuko baticandagishije canke bari bageze mu zabukuru. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG