Uko wahagera

RDC: Abasivile 14 Barishwe na CODECO mu Ntara ya Ituri


Umurwanyi wo mu muhari CODECO mu ntara ya Ituri.
Umurwanyi wo mu muhari CODECO mu ntara ya Ituri.

Abasivile bashika kuri 14 barishwe mu bindi bitero bishasha mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo. Abandi umunani biyongereye kuri abo, bakekwa gukorana n’umuhari w’iterabwoba ADF bishwe urw’agashinyaguro.

Ishirahamwe ritegamiye reta, rikurikirana ku musi ku musi ubwicanyi bubera mu buseruko bw’ico gihugu, Kivu Security Tracker (KST), ryavuze ko abo bantu bishwe ku musi wa gatanu. Ryavuze ko bishwe n’abo mu muhari CODECO, muri teritware ya Djugu, no mu ntara ya Ituri.

CODECO ni umuhari wa poritike ushingiye kw’idini, witwaje ibigwanisho, wishinze kurwanira ubwobo bw’aba-Lendu. Ni umwe mu mihari 120 yitwaje ibirwanisho igisibije muri Republika ya demokarasi ya Kongo.

Ubwoko bw’aba-Lendu, bugizwe ahanini n’abarimyi, bwama bwatanye mu mitwe n’ubwoko bw’aba-Hima, bagizwe ahanini n’aborozi. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG