Uko wahagera

Amerika Izogumiza Abasirikare 650 muri Afuganistani


Inteko za Amerika na OTAN muri Afuganistani
Inteko za Amerika na OTAN muri Afuganistani

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika babwiye itororokanyirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, ko abasirikare 650 ba Amerika bazogumizwa muri Afuganistani bacungera umutekano w'abadiplomate ba Amerika. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko hazoba ari inyuma y’aho abasirikare bazoba bahejeje kuva muri gihugu, mu ndwi zibiri ziri imbere.

Abandi basirikare amajana b'Amerika b’inyongera bazoguma ku kibuga c’indege c’i Kabul gushika mu kwezi kw’icenda, bafashanya n’inteko za Turukiya gucungera umutekano. Abategetsi bavuga ko bizoba ivy’igihe gito gushika aho inteko zirongowe na Turukiya zizofata ico gikorwa mu minwe zonyene. Umutekano ku kibuga c’indege ubonwa ko ari nkenerwa kugira abadiplomate mpuzamakungu bazobandanye baja i Kabul.

Perezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani hamwe na Abdullah Abdullah, arongoye akanama k’igihugu kajejwe uguhuza abanyagihugu, barabonana na Perezida Joe Biden muri White House kuri uyu wa gatanu. Abo bategetsi ba Afuganistani bategekanya no kubonana n’umushikiranganji wo kwivuna abansi, Lloyd Austin, hamwe n’abandi bategetsi bo muri reta, nkuko vyatangajwe n’ubwo bushikiranganji.

VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG