Uko wahagera

Bombe Ikekwa Kuba Yatewe n'Indege Yishe 43 i Togoga muri Tigre


Togoga Air strike victims
Togoga Air strike victims

Abantu baharurwa mu macumi barishwe n’igitero c’indege ku musi wa kabiri mu gisagara ca Tagogon co mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya, nkuko ibimenyeshamakuru bivuga ko vyabibwiwe n’abavyiboneye.

Ababibonye bavuze ko indege yakoroye bombe mw’isoko ryo mu mihana y’abanyagihugu mu gihe c’isaha ndwi z’umuhingamo.

Abategetsi bo mu gisata c’amagara y’abantu muri ako karere bavuze ko abantu 43 bapfuye, abandi baharurwa mu macumi barakomereka. Bavuze kandi ko abasirikare ba Etiyopiya bazibiye za rusehabaniha gushika ahabereye ico gitero.

Itororokanyirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ryavuze ko umuvugizi w’igisirikare ca Etiyopiya, Colonel Getnet Adane, atemeje canke ngo ahakane ico gitero, avuga ko ibitero vy’indege vyemewe n’amakungu kandi igisirikare kidatera abasivile.

Ku musi wa kabiri, abanyagihugu bavuze ko imirwano mishasha yadutse mu misi iheze mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Tigre, Mekelle.

Kuva izo ntambara zitanguye mu kwezi kwa cumi na kumwe, ibihumbi vy’abantu biramaze kwicwa, abandi hafi imiriyoni zibiri barahunze ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG