Afrika y’epfo yongeye gukaza amategeko yerekeye Covid-19, ishira imbere amasaha yo gutaha, kandi ihagarika igurishwa ry’ibinyobwa biboreza. Ni inyuma y’aho abandura bamaze indwi zibiri biyongera.
Afrika y’Epfo, igihugu kiri kw’isonga, mu bihugu bisinzikaye ku mugabane wa Afrika, kimaze indwi zibiri kibona abandura bashasha biyongera buri musi, mu gihe abakirwa mu bitaro biyongereye hafi ku bice 60 kw’ijana muri ico kiringo nyene.
Perezida Cyril Ramaphosa yavuze ko igice ca gatatu c’igwirirana rya Covid-19 cabashitsemwo. Ni mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo y’igihugu kuri uyu wa kabiri. Amasaha yo gutaha mu ngo yashizwe kuva isaha zine z’ijoro gushika isaha cumi z’agatondo, mu gihe amazu y’uburiro n’ubunywero yasabwe kuzoba yugaye isaha zitatu z’ijoro.
Afrika y’epfo imaze kuronka abandura barenga umuriyoni 1 n’ibihumbi 760 barimwo abarenga 58 080 umaze guhitana.
Iyi nkuru Ijwi ry’Amerika riyikesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.
Facebook Forum