Uko wahagera

Guhagarika Intambara ya Isirayeli na Hamas Kwinjiye mu Musi wa Kane


Umwana w'umukobwa w'umunyepalestina ateruye umwana w'umuhungu mu bibomoke vy'inzu babamwo i Gaza, kw'itariki ya 23/05/2021.
Umwana w'umukobwa w'umunyepalestina ateruye umwana w'umuhungu mu bibomoke vy'inzu babamwo i Gaza, kw'itariki ya 23/05/2021.

Isirayeli na Hamas kuri uyu w’Imana binjiye mu musi wa kane w’agahengwe ko guhagarika intambara mu gihe abategetsi b’i Gaza n’ibigo mpuzamakungu vy’amagara y’abantu bariko bihutira kuvura abantu 1 900 bakomerekejwe n’ibitero vy’indege za Isirayeli.

I Yerusalemu, igiporisi ca Isirayeli cemereye abayahudi baragendera umusigiti wa al-Aqsa, ikibanza ceranda cama cateye amahane. Ukutumvikana kuri ico kibanza ni kwo kwabaye intandaro y’intambara yamaze imisi 11 hagati ya Isirayeli n’umuhari Hamas, imbere y’uko uguhagarika imishamirano kwubahirizwa ku musi wa gatanu. Iyo mirwano yahitanye ubuzima bw’abantu 248 i Gaza hamwe na 13 muri Isirayeli.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken yavuze kuri uyu w’Imana ko Amerika yizeye ko iki ari igihe co gushika ku mwumvikano uha uburenganzira bungana ku banyesirayeli n’abanyapalestina. Blinken yavuze kandi ko Abanyepalestina bakwiye kwiyumvamwo ivyizigiro vyo kubaho mu mutekano no guhabwa agaciro muri reta ya Palestina. Avuga ko Perezida Joe Biden acemanga ko hakwiye kuba umuti wa reta zibiri, aho reta ya palestina yokwigenga, ariko ko atari inyishu iriko iraboneka uyu musi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG