Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu hamwe n’imiryango y’abahohotewe basavye kuri uyu wa mbere ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushinga umugwi uzokora amatohoza yigenga ku mabi abaporisi bakorera abirabure muri Reta zunze ubumwe za Amerika.
Amashirahamwe, Human Rights Watch, ryo muri Amerika, Amnesty International ryo mu Bwongereza na American Civil Liberties Union ryo muri Amerika, ari mu yandi mashirahamwe aharurwa mu macumi yabisavye. Ni mu rwandiko yarungikiye umutegetsi w’ikigo ca ONU cita ku burenganzira bwa muntu, Michelle Bachelet.
Iryo kete kandi ryateweko umukono n’abavukanyi bo mu miryango 171 yakorewe amabi n’igiporisi muri Reta zunze ubumwe za Amerika.
Bachelet ategekanya kwerekana raporo mu kwezi kwa gatandatu, y’agacinyizo gashingiye ku macakubiri y’urukoba, uguca kubiri n’amategeko mpuzamakungu kwakorewe abanyafrika hamwe n’ababakomokako, vyakozwe n’ibigo vyitwa bijejwe guhagararira amategeko.
Iyo raporo yategetswe n’akanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu mu kwezi kwa gatandatu, inyuma y’urupfu rwa Georges Floyd, umwirabure yishwe n’umuporisi mu gisagara ca Minneapolis, muri reta ya Minnesota.
Facebook Forum