Uko wahagera

Inama ya G-7 Iragabisha Uburusiya n'Ubushinwa


G-7
G-7

Abashikiranganj b’imigenderanire b’ibihugu bikize kuruta ibindi kw’isi, bihurikiye mu murwi wa G-7, biri mu nama i Londres mu Bwongereza muri iyi ndwi. Ibiri kw’isonga ry’ivyo bariko barihweza ni ihindagurika ry’ibihe, Uburusiya hamwe n’Ubushinwa. Ni inama ya mbere bakoze amaso mu yandi, inyuma y’imyaka ibiri bidashoboka kubera ikiza ca Covid-19.

Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, ku musi wa mbere yariyamirije ingendo y’Uburusiya yo kurungika abasirikare ku rubibe na Ukraine.

Blinken yibukije ko Perezida Biden yavuze ko Uburusiya buhisemwo kwitwaza igikenye ku bindi bihugu, Amerika izogira ico ikoze. Ariko avuga ko Amerika yipfuza imigenderanire myiza n’ico gihugu hamwe n’Ubushinwa bwama buriko burahungabanya demokarasi mu bindi bihugu.

Abashikiranganji b’ibihugu vya G-7 baganiriye no ku nyishu kuri kudeta muri Myanmar n’ubwicanyi bwayikurikiye.

Amashirahamwe mpuzamakungu ariko asaba ibihugu vya G-7 gukora ku buryo ibihugu bikenye bironswa urucanco rwa Covid-19. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko 90 kw’ijana bamaze kuronswa incanco za Covid-19 bari mu bihugu bitunze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG