Uko wahagera

Abandura n'Abicwa na Covid-19 Barabandanya Biyongera mu Buhindi


Abishwe na COVID-19 bariko Baraturirwa mu kaburi i New Delhi, mu Buhindi, kw'itariki ya 24/04/2021
Abishwe na COVID-19 bariko Baraturirwa mu kaburi i New Delhi, mu Buhindi, kw'itariki ya 24/04/2021

Ubuhindi burabandanya gusinzikazwa na Covid-19, aho kuri uyu w’Imana ibiharuro vyerekanye ko abantu hafi 3700 bishwe n’uwo mugera mu masaha 24 gusa, hamwe n’abarenga 390 000 banduye.

Ivyo biri uko, mu gihe ico gihugu catanguye guharura ivyavuye mu matora y’indongozi z’amareta. Sentare nkuru y’ico gihugu yagiriza komisiyo y’amatora kwemera imyiyamamazo ya poritike, yari yarabujijwe kubera Covid-19. Umushikirizamanza mukuru, Sanjib Banerjee, avuga ko iyo komisiyo ari yo ituma uwo mugera urandagata kandi ukabandanya kwica abantu.

Ibice 2 kw’ijana ku muriyaridi 1 n’imiriyoni 300 z’Abahindi nivyo bimaze gucandagwa gushika ubu, nkuko amaraporo abivuga. Ni mu gihe Ubuhindi ari co gihugu gifise ihinguriro ry’incanco rinini kw’isi, ryitwa “Serum Institute of India”.

Ku musi wa gatandatu, igihugu caremereye abafise imyaka 18 no kurenga ko bashobora gucandagwa, ariko ibibanza vyinshi vyo gucandagiramwo vyisanze ata ncanco bigira. Abahindi batari bake bavyagiriza umukuru w’iryo hinguriro, Adar Poonawalla, ko ari we afise uruhara muri ubwo bukene bw’incanco, ariko we arabihakana.

Kaminuza yo muri Amerika, John Hopkins, ivuga ko abantu barenga imiriyoni 152 kw’isi bamaze kwandura COVID. Muri bo, Amerika ifisemwo abarenga imiriyoni 32, mu gihe Ubuhindi bufisemwo imiriyoni 19 n’ibihumbi 500 na Brezil imiriyoni 14 n’ibihumbi 700.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG