Perezida wa Benin, Patrice Talon, asa n’uwuhabwa amahirwe yo gusubira gutorwa mu matora yabaye kuri uyu w’Imana, mu gihe abamunegura bamwagiriza ko ayo matora yatunganijwe hashizwe ku ruhande abatavuga rumwe na we.
Perezida Talon yatanguye gutorwa mu 2016, ahanganye n’abanyeporitike babiri batamenyerewe ku rubuga rwa poritike, mu gihe abakomeye batavuga rumwe nawe bahisemwo kutayajamwo.
Benin ubwa mbere yashimwe nk’akarorero kuri demokarasi mu karere iherereyemwo karangwamwo imidugararo, ariko benshi mu batavuga rumwe n’ubutegetsi barahunze, abandi ntibemererwa na komisiyo y’amatora canke bakurikiranwa n’ubutungane.
Naho hagaragaye imidugararo y’imbere y’amatora mu bisagara bigwiriyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, itora ryabaye ukuri kwamye mu mahoro kuri uyu w’Imana.
Abayitabiriye bari bake ugereranije n’ayo mu myaka iheze, nkuko vyashikirijwe n’urunani rw’amashirahamwe ya sosiyete sivile yarungitse indorerezi zayo 1 400.
Ibiharuro vya nyuma vyitezwe kuri uyu wa mbere canke kuwa kabiri.
Facebook Forum