Uko wahagera

Biden Yiyemeje Guhagarika Ubwicanyi Bukorwa Hakoreshejwe Inkoho


Perezida Joe Biden atangaza amategeko yafashe ku bwicanyi bukorwa muri Amerika hakoreshejwe Inkoho, White House i Washington, kw'itariki ya 4-8-2021
Perezida Joe Biden atangaza amategeko yafashe ku bwicanyi bukorwa muri Amerika hakoreshejwe Inkoho, White House i Washington, kw'itariki ya 4-8-2021

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yavuze ko ubwicanyi bukorwa hakoreshejwe inkoho ari ibiterasoni kuri Amerika nk’igihugu. Kuri uyu wa kane yategetse ko hashirwaho amategeko ruhasha ku nkoho kandi asaba Congres ya Amerika kuvugurura itegeko ryataye igihe ku nkoho zitungwa n’abanyagihugu.

Mu kiganiro yaremesheje kuri White House, imbere y’abashingamateka hamwe n’abanyagihugu bagize ingaruka z’ubwicanyi bukorwa hakoreshejwe inkoho, Perezida Biden yavuze ko ubwo bwicanyi ari ikiza mu bindi bihanze Amerika, kandi biteye isoni ku rwego rw’amakungu.

Mu gihe yemeje ko ubwicanyi kivunga hakoreshejwe inkoho bwiyongereye, arashimira abashingamateka ko vyabakozeko batako baranabisengera, ariko abagaya ko ata tegeko na rimwe rishasha ryemejwe ku rwego rw’igihugu rigabanya ubwo bwicanyi.

Biden abishikirije inyuma y’ubwicanyi kivunga hakoreshejwe inkoho bwahitanye abantu 8 mu gisagara ca Atlanta muri Georgia, mu bumanuko bwa Amerika hamwe n’abandi 10 biciwe mu gisagara ca Boulder, muri Colorado, mu burengero bw’igihugu. Hatibagiwe umwe yishwe abandi bataramenyekana igitigiri barakomereka ejo kuwa kane, muri Texas, haheze amasaha make Perezida Biden atangaje ibi.

Abashingamateka b’abademokrate bamye basaba ko hashirwaho amategeko akarishe ku batunga inkoho, mu gihe abarepublikani bateye kubiri na bo bavuga ko ingingo ya kabiri yo mw’ibwirizwa shingiro ku burenganzira bwo gutunga inkoho yoba ihonyanzwe.

Perezida Biden yategetse ubushikiranganji bw’ubutungane gushiraho itegeko rihagarika igwirirana ry’ibirwanisho bicira umuriro bihungurwa n’abanyagihugu, kandi bidashobora kugenzurwa, kandi bigora abaporisi kumenya benevyo.

Ikindi Perezida Biden yipfuza, n’uko inkoho zo mu bwoko bwa pistolet zifise ubuhinga butuma zihabwa amahirwe manini yo kugema zishirwa mu murwi w’izigenzurwa cane. Iyo nkoho niyo yakoreshejwe mu bwicanyi bwabaye i Colorado.

Biden avuga ko umugambi wiwe utambura abanyamerika uburenganzira bwo gutunga inkoho, nkuko ibwirizwa shingiro ribibemerera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG