Urubanza rwa Derek Chauvin, umuporisi yagirizwa kwica George Floyd, rwarabandanije ejo kuwa gatatu mu gisagara ca Minneapolis muri reta ya Minnesota. Ejo humvirijwe umukozi wo kw’ibukite, uwo Floyd yarishe amafaranga yaguze itabi imbere yo kwicwa na Chauvin.
Christopher Martin nk’icabona, yavuze ko yemeye kwakira inoti ya 20 n’aho yabona ko ari iya magendo, kandi yari azi ko azoyakatwa mu mushahara.
Uwo musore w’imyaka 19 yavuze ko amaze kwiganira umukoresha wiwe ivyabaye yamusavye gusohoka gusaba Floyd akagaruka mw’ibutike. Yavuze ko iyo atavuga ivyabaye, Floyd atari gupfa.
Martin yari mu bindi vyabona vyavuze imibabaro vyagize n’ishavu kuvyo vyabonye igihe umuporisi Chauvin amupfukamye kw’izosi hanze y’iyo butike mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uheze.
Chauvin yamaze iminota 9 n’amasegonda 29 afukamye kw’izosi rya Floyd, akoma induru yisubiriza ko adashobora guhema.
Chauvin, umuporisi w’umuzungu, yaciye yirukanwa n’igiporisi camutwara inyuma y’umusi umwe Floyd, umunyamerika w’urukoba rwirabura apfuye.
Uwo moporisi yagirizwa ivyaha vyo kwica, kandi abigambiriye, ariko we yavuze ko ari umwere.
Ababuranira Chauvin bavuze ko ivyo uwo muporisi yakoze yisunze ivyo yigishijwe kandi ko umuntu nka Floyd yari afise ibibazo vy’umutima no kunywa ibiyayuramutwe bitari kubuza ko apfa.
Igisagara ca Minneapolis giheruka kwemera kuriha abavukanyi ba Floyd imiriyoni 27 z’amadolari zo kubahoza ku vyabaye.
Facebook Forum