Uko wahagera

Igisirikare ca Afuganistani Gishobora Gusangangurwa Amerika Itahutse


Igisirikare ca Afuganistani kiri ahabereye igitero ca bombe yatezwe ku modokari kw'ikambi ya gisirikare mu ntara ya Nangarhar, ya Afghanistani, Kw'itariki ya 30/01/2021
Igisirikare ca Afuganistani kiri ahabereye igitero ca bombe yatezwe ku modokari kw'ikambi ya gisirikare mu ntara ya Nangarhar, ya Afghanistani, Kw'itariki ya 30/01/2021

Komanda w’inteko zidasanzwe za Reta zunze ubumwe za Amerika avuga ko afise ubwoba ko reta ya Afuganistani ishobora gukurwaho kandi n’inteko zayo zizokwirukanwa n’Abatalibani mu gihe Amerika yokura abasirikare bayo muri ico gihugu.

Gen. Richard Clarke yabwiye abashingamateka ba Amerika kuri uyu wa kane, ko naho igisirikare ca Afuganistani cakoze uko gishobora kugira gikomere, ntikiragera aho cibako kidafashijwe na Amerika.

Iri gabisha rya General Clarke rije aheruka kugendera muri Afuganistani, aho yabonanye n’abategetsi ba gisirikare. Ni mu gihe kandi inteko za Amerika n’iza OTAN zisabwa kuva muri Afuganistani hatarenze itariki ya 1 y’ukwezi kwa gatanu, nkuko amasezerano yo mu mwaka uheze hagati y’Abatalibani na reta yahahoze ya Donald Trump yavyemeje.

Perezida w’iki gihe wa Amerika, Joe Biden hamwe n’abandi bategetsi bajejwe igisirikare n’umutekano bamaze igihe basuzuma ayo masezerano, ariko nta ngingo barafata nimba boyakurikiza bagakurayo abasirikare 2500 ba Amerika basigaye muri Afuganistani. General Clarke yabwiye abamenyeshamakuru ko bisa n’uko Amerika itariko irubahiriza iyi tariki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG